Ijambo ry’uwuserukira Ishirahamwe ry’Abakoresha bo mu Burundi( 01/5/2016)

  • Nyenicubahiro Cegera ca mbere c’Umukuru w’Igihugu cacu,
  • Banyakubahwa muri mu nama nshingamateka na nkenguzamateka,
  • Banyakubahwa bashikiranganji,
  • Nyakubahwa mukuru w’igisagala ca Bujumbura,
  • Banyakubahwa muserukira ibihugu vyanyu n’amashirahamwe mpuzamakungu mu Burundi,
  • Banyakubahwa bakozi bakurubakuru ba Leta n’amashirahamwe y’abikorera ivyabo,
  • Bakozi, bakoreshamwese,
  • Batumire mwese umwumwe mu cubahiro ciwe Imana yamuhaye,Nitugire amahoro y’Imana,ibikorwa n’amajambere y’igihugu cacu.Uyu mwaka icivugo tuzogenderako mu gisata c’akazi ni’ “ ugushirahamwe twese,twunge urunani rw’intamenwa,tuteze imbere igihugu cacu”.

Ijambo natumwe n’Ishirahamwe ry’Abakoresha bo mu gihugu cacu ririmwo ibice bikurubikuru bitatu (3) bihagaze kuri ico civugo.

Icambere ni: Ugushima ivyagenze neza muri uyu mwaka w’akazi uheze kuva kwigenekerezo rya mbere Rusama umwaka w’ 2015. 

Icakabiri ni: Uguterera ivyiyumviro vyo gukomeza umwumvikano w’abakozi n’abakoresha n’uguteza imbere igisata c’akazi.

Ica gatatu ni:Ivyokwitwararikwa cane mu bihe vya none kugirango imitahe y’abagwizatunga ikingirwe mbere yongerekane

Gushima ivyagenze neza mu gisata c’akazi.

Tugereranije umwaka uheze n’iyindi myaka igisata c’akazi caranzwe n’umutekano muri rusangi. Koko ntamayegereyegere yahabaye.Ariko lero uwo mutekano wo mu gisata c’akazi ntusigura ko abakozi n’abakoresha atangorane bagize . Oya ingorane ntizibura mu kazi. Icahindutse kandi co gushima, n’ubwitonzi nta ngere abakoresha cane cane umukoresha Leta  n’abaserukira abandi mu m’ashirahamwe y’abakozi, berekanye mu kuja inama n’ingingo  mu gutorera inyishu ibibazo bibega.

Mu bibazo bikurubikuru abaserukira Leta, abaserukira amasyndicats  y’abakozi n’Ishirahamwe ry’abakoresha  bicariye muriuy’umwaka uheze, n’ukugabanya akarenganyo kari mubusumbasumbane bw’imishahara  mu bakozi ba Leta  n’amashirahamwe ayegamiye. Aho  gushikiriza ico kibazo abicishije muri yegereyegere abaserukira abandi mu masyndicats y’abakozibasavye inama n’ingingo umukoresha Leta. Amasyndicats yarashoboye kwihangana  ico kibazo kirigwa  mu mutekano. Leta iremera kugiriranira ibiganiro n’abayaserukira. Ishirahamwe ry’abakoresha naryo rirafasha mu kunganira  umuhuza yahagarikiye ibiganiro. Leta yarahavuye irakubita inzu ibipfunsi iratanga imiliyaridi  mirongo ibiri kuri uyu mwaka  wa 2016 yemera n’uko izoza irazitanga no kuyindi myaka itatu izokurikira  gushika ubusumbasumbane ataho buhagaze bugabanuke cane canke buhere. Eka mbere yaratanze n’ uburyo bwo gutegura neza  politique y’imishahara. Leta lero akigoro yagize ntaworeka  kugashima  ariko lero muKirundi bavuga ko uwabaye mwiza yoba muzima. Ingingo yoguhagarika uburusho bwongerwa  k’umushahara  buri mwaka bwahagaritswe  ikwiye kunonosorwa neza kuko abakozi bidoga ko  isa n’iyafashwe gihutihuti  ata nama n’ingingo bibaye, ngo binagaragare ko at’amategeko Leta irenze. No kuri ico kibazo, Ishirahamwe ry’abakoresha rirashima cane intumbero  nyakubahwa Icegera ca kabiri c’Umukuru w’Igihugu  yagihaye  kuko yakirungikiye komite y’Igihugu ishinzwe ibiganiro mu kazi  kugira inyishu itogwe  mu nama n’ingingo.

Burya iyo turiko turavuga ibiganiro haraho tubona ivyo muri politique gusa tukibagira ko bikenewe  hose cane cane mumirimo ya minsi yose.Umukoresha wese ategerejwe   kwama aja  inama n’ingingo  n’abakozi biwe  kuvyerekeye ubuzima n’iterambere ry’akazi basangiye.

Tuboneyeho akaryo ko gusaba abakoresha gushigikira amakomite  y’inama n’ingingo ariko arashirwaho mu bisata vyose vy’akazi kugira abakozi n’abakoresha bigire hamwe inyishu z’ibibazo basangiye.Niho umwuka  wo ku kazi wama  uri mwiza n’umwimbu  ukaguma wongerekana.

Mu ncamake , Ishirahamwe ry’Abakoresha rirashima cane ingene Leta, amashirahamwe y’abakozi n’ iry’abakoresha    basenyera k’umugozi umwe  mu gukomeza amahoro n’umutekano mu kazi.

Mugice ca kabiri c’iri jambo twashaka guterera ivyiyumviro vyo teza imbere akazi n’igihugu.

K’ubw’Ishirahamwe ryacu, ibintu bikurubikuru vyokorwa n’ibi bikurikira.

  1. Nk’uko umuntu wese abizi, amahoro, intwaro nziza n’umutekano niryo shimikiro ry’iterambere. Abarundi bara yamaze mukuvuga  ngo “ ahari amahoro umuhoro uramwa” bisigura ko mu mahoro  n’umugambi mwiza ugoye gushira mu ngiro, ushobora kwitonderwa gushika uranguke. Amahoro arakenewe gukomezwa cane cane  mu gisagara ca Bujumbura. Umwumwe wese  yokora ivyo ajejwe kugira  amahoro atsimbatare.
  2. Ko turiko duhimbaza umunsi mukuru w’akazi ntitworeka kwibukanya ko hari politique y’igihugu  yo kugwiza akazi  imaze imyaka ibiri yemejwe na Leta. Ariko kuva yemejwe ntavyinshi  birakorwa  vyokuyishira mu ngiro. Ivyigwa vyo kwerekana ingene akazi kogwizwa  mu bisata vyose bigize ubuzima bw’igihugu ntibirakorwa kubera ubukene bw’abahinga n’amafranga. Birakenewe ko ico kibazo c’inkora mutima cane cane ku rwaruka twocicarira.Mu vyokorwa Ishirahamwe ry’abakoresharikunda kwibutsa kukobihambaye cane,  ni nk’ibi bikurikira:
  • Gushiraho uburyo bwumvikanyweko neza na Leta n’abakoresha hamwe n’abakozi bw’ingene ibiharuro vy’akazi kahari n’agakenewe bimenyekana( statistiques du travail),
  • Guteza imbere amashule y’imyuga. Nti bikiri agaseseshwa rumuri imyuga ifise ikibanza kinini mw’iterambere ry’igihugu kandi igatanga akazi kenshi. Aha iwacu lero amashule y’imyuga ntiyijukiwe n’urwaruka kuko akazi ko mubiro gakundwa gusumba ak’amaboko. N’ukumenya ko ivyari imagera vyageruye  akazi ko mubiro karakenye, akimyuga nako kaguma gatera imbere  m’ubuhinga no mugaciro. Ikindi  catumye  amashule y’imyuga adatera imbere ni ubukene bw’abigisha banonosoye ivyo kwigisha imyuga, amamashini n’ibikoresho vyo kwigishirizako. Turasavye lero dushimitse ngo Leta n’abayifasha  be n’abikorera ivyabo bihutire kugabanya ubwo bukene bw’abigisha n’ibikoresho  vyo kwigishirizako. Turateye akamo abakoresha bose  ngo bafashe mukorohereza  abiga mu mashule y’imyuga mukubaha ibibanza vyo kwimenyererezamwo akazi( stages ) kugira ubumenyi ngiro bukomere  mu gihugu.
  • Guteza imbere ivyerekeye kubungabunga amagara y’abakozi n’imiryango n’ukubategekaniriza kazoza. Akazi gategerezwa gufasha umukozi n’abiwe kugira amagara meza n’ukuroranigwa. Biciye mw’ishirahamwe mpuzamakungu ry’akazi OIT, ibihugu vyose vyarasezeranye ko akazi kogwizwa ari agakwije ivya ngombwa bimwe bimwe cane cane ukuronsa abakozi n’imiryango yabo uboryo bwo kwivuza neza.  Ishirahamwe ry’abakoresha ribigiye inama n’ishirahamwe mpuzamasyndicats(COSYBU) na Leta baratohoje basanga amategeko y’akazi n’ayo gutegekanya kazoza mu kazi adakurikizwa neza. Abakozi ntibafatwa kumwe mu kuvuzwa, abandi ntibavuzwa neza canke ntibavuzwa namba. Amashirahamwe agerageza kwitaho ivyo kuvuza abakozi niyaba ari menshi ntarenga11%.Leta, AEB na COSYBU barazi uruhara rw’amagara meza mu gukorana inguvu n’ingoga. Nico gituma bagiye inama yo gushinga Mutuelle yo gufasha abakozi bose bo mu mashirahamwe y’abikorera ivyabo kuvuzwa neza. Ivyigwa vyo gushinga iyo Mutuelle vyagizwe mu buhinga bwemejwe n’ibiro mpuzamakungu vy’akazi BIT. Ivyo birobiranafasha mukwigisha abarongoye iyo Mutuelle ubuhinga bugezweho bwo gutunganya za mutuelles n’ayandi mashirahamwe yo kuvuzanya. Iyo mutuelle lero yatanguyeigenekerezo rya 2 Rusama 2014. Ubu rirakora ukuri kwamye kandi abanywanyi baguma biyongera ku rugero rushimishije. Iyo mutuelle si iy’abantu barondera inyungu, ni iy’ abanywanyi: abakozi n’abakoresha, kandi irongowe n’ababaserukira bitoreye,ikongera igacungerwa na Leta.

Mu gutahura akamaro ka mwene iyo mutuelle n’ugushira imbere inyungu za bose, umuntu ntarabe ko we amerewe neza wenyene ivy’abandi bitamuraba,yoba atumvise icivugo c’uyu munsi mukuru. Abakoresha n’abakozi  bo mu mashirahamwe y’abikorera ivyabo ntazoshobora guteza imbere amagara y’abakozi n’imiryango yabo adasenyeye ku mugozi umwe nk’uko bimeze mu bihugu vyinshi vyashoboye guteza imbere ico gisata.

Nyakubahwa cegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu,

Banyakubahwa mwese mwitavye uru rubanza,

Bakozi namwe Bakoresha,

Ko bisanzwe bizwi neza ko iterambere n’igwira ry’akazi keza bikomoka kandi bifatiye k’ukwongerekana kw’imitahe y’abikorera utwabo n’abagwizatunga, Ishirahamwe ry’Abakoresha mu Burundi (AEB) rirarajwe ishinga n’ico gisata ari naco gituma twosaba ibi bikurikira:

  1. Mu gisata kijejwe gutunganya amatongo n’ibisagara, bakwiye gutegekanya mu bisagara vyose biri mu gihugu no ku mirwa mikuru y’intara zose, ibibanza vyo kwubakamwo amahinguriro (zones industrielles), Leta nayo ikorohereza abagwizatunga bafise imigambi irashe yo gushinga amahinguriro mu kubaronsa ivyo bibanza;
  2. Muri iyi minsi ingaruka mbi zikomoka ku bihe vya politike igihugu caciyemwo mu mwaka w’akazi waraye urangiye ku butunzi bw’igihugu n’ubw’amashirahamwe atari agasesesharumuri, ikibazo co kuronsa abagwizatunga, abadandaza n’inganda z’amahinguriro amafaranga y’agaciro (devises) kirakwiye kwicarirwa n’inzego zibijejwe hakaboneka inyishu itomoye kugirango ibikoresho n’ibidandazwa vya nkenerwa bibandanye kwinjira mu gihugu;
  3. Ahari ibiganiro, kuja inama n’ingingo hama hava umwumvikano utunganiriza bose no kuneza ya bose. Kubw’ivyo AEB irashima intumbero Leta yafashe yo gushiraho mu bisata biba bibikeneye vyose, inzego zihwaniramwo abafise ivyo bahuriyeko kugirango bame batorera inyishu ibibaraba biciye mu mwumvikano. Ni muri iyo ntumbero nyene Leta yashizeho Urwego ruyihuza n’abanyamitahe hamwe n’abagwizatunga bikorera utwabo (Cadre de dialogue du Secteur Public-Secteur Privé). Twagomba nk’abaserukira abakoresha, gutera intege urwo rwego ruhagurukire ikibazo c’amakori n’ama tagisi asabwa abatozwakori hamwe n’ukuntu amatati ajanye n’ico gisata yotorerwa inyishu bidahungabanije amashirahamwe n’akazi;
  4. Umugambi wo kugwiza umuyagankuba mu gihugu woshirwa mu ngiro vuba kuko ata kazi canke iterambere riboneka dushobara gushikako igihe dufise umuyagankuba  Aha turasubiriye gusaba Leta n’abandi bose bashobora kubifashamwo ko bohagurukira uwo mugambi;
  5. Mu gusozera iri jambo, dusubiye gushimira Leta n’amashirahamwe y’abakozi ku bwira n’ubwitonzi bakoranye kugira igisata c’akazi kigume gitekanye.  Turipfurije kandi abakozi n’abakoresha umunsi mukuru mwiza.

Ni tugire amahoro y’Imana.

Murakoze !